25 Mataniya+, Bakibukiya, Obadiya, Meshulamu, Talimoni na Akubu+ bari abarinzi b’amarembo+. Barinda ivyumba vy’ububiko biri hafi y’amarembo. 26 Abo bakoze mu gihe ca Yoyakimu umuhungu wa Yeshuwa+, Yeshuwa wa Yozadaki, no mu gihe ca buramatari Nehemiya n’umuherezi Ezira+ akaba n’umwimuzi.