-
Yakobo 5:10, 11Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
10 Bavukanyi, ku bijanye n’ukwiyumanganya igihe umuntu ari mu mibabaro+ be n’ukwihangana+, mwigane akarorero k’abahanuzi ba kera bavuga mw’izina rya Yehova*+. 11 Raba! Abihanganye tubona ko bahiriwe*+. Mwarumvise ibijanye n’ukwihangana kwa Yobu+ mwongera murabona ingene Yehova* yamuhezagiye+, murabona yuko Yehova* yuzuye ikibabarwe* kandi ko ari umunyembabazi+.
-