-
2 Samweli 19:34, 35Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
34 Mugabo Baruzilayi yishura umwami ati: «Nsigaje imisi* ingahe yo kubaho, aho nojana nawe i Yeruzalemu ga mwami? 35 Raba mfise imyaka 80+. Noba ngishobora gutandukanya ikintu ciza n’ikitari ciza? Jewe umusuku wawe noba ngishobora kwumva uburyohe bw’ivyo mfungura n’ivyo nywa? Noba ngishobora kwumva ijwi ry’abaririmvyi b’abagabo canke b’abagore+? Kubera iki none jewe umusuku wawe nokwirirwa ndakubera umuzigo ga mwami?
-