Zaburi 49:3 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 3 Akanwa kanje kazovuga ivy’ubwenge*,umutima wanje uzirikane+ ibintu birimwo ugutegera. Zaburi 51:15 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 15 Ewe Yehova, niwugurure iminwa yanje,kugira ntangaze ishemezo ryawe+. Zaburi 143:5 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 5 Ndibuka imisi ya kera,nkazirikana ibikorwa vyawe vyose+.Ndihweza* nitonze igikorwa c’amaboko yawe. Abafilipi 4:8 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 8 Ubwa nyuma bavukanyi, nimubandanye kwiyumvira* ibintu vy’ukuri vyose, ibihambaye vyose, ibigororotse vyose, ibitanduye* vyose, ivyo gukundwa vyose, ibivugwa neza vyose, ibijanye n’ingeso nziza vyose n’ibibereye gushimagizwa vyose+.
8 Ubwa nyuma bavukanyi, nimubandanye kwiyumvira* ibintu vy’ukuri vyose, ibihambaye vyose, ibigororotse vyose, ibitanduye* vyose, ivyo gukundwa vyose, ibivugwa neza vyose, ibijanye n’ingeso nziza vyose n’ibibereye gushimagizwa vyose+.