7 Arahezagiwe umuntu yizigira Yehova,
Yehova akaba amizero yiwe+.
8 Azoba nk’igiti gitewe iruhande y’amazi,
gishora imizi yaco ku ruzi.
Ubushuhe nibwaza ntazobwumva,
ahubwo amababi yiwe azokwama atotahaye+.
Mu mwaka w’uruzuba ntazogira amaganya,
canke ngo areke kwama ivyamwa.