-
1 Abami 1:16-21Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
16 Maze Batisheba yunamira umwami, ashika hasi. Umwami aca amubaza ati: «Wipfuza iki?» 17 Yishura ati: «Databuja, ni wewe ubwawe wandahiye mw’izina rya Yehova Imana yawe yuko umuhungu wanje Salomo ari we azoganza mu kibanza cawe, akicara ku ntebe yawe y’ubwami+. 18 None raba Adoniya ni we yabaye umwami, kandi nta co ubiziko mwami wanje+. 19 Yatanze ibimazi vyinshi cane vy’impfizi n’ibitungwa binuze n’intama. Yatumiye abahungu bose b’umwami n’umuherezi Abiyatari na Yowabu umukuru w’ingabo+. Ariko umusuku wawe Salomo ntiyamutumiye+. 20 None rero mwami wanje, ni wewe Abisirayeli bose bahanze amaso ngo ubabwire uwugiye kugusubirira, akicara ku ntebe y’ubwami. 21 Nutabigira, jewe n’umuhungu wanje Salomo tuzofatwa nk’abansi niwamara gupfa*.»
-