-
1 Samweli 25:39Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
39 Dawidi yumvise ko Nabali yapfuye, avuga ati: «Yehova aninahazwe, we yifatiye mu minwe ivyanje+, agacira urubanza Nabali+ kubera ibitutsi yantutse, akambuza jewe umusavyi wiwe gukora ikibi+. Yehova agarukanye ku gatwe ka Nabali ikibi yakoze.» Nuko Dawidi atuma abantu kubwira Abigayili ko yipfuza kumucura ngo abe umugore wiwe.
-
-
1 Petero 3:3, 4Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
3 Ugushaza kwanyu ntikube canecane ukw’inyuma, ni ukuvuga ugusuka* imishatsi no kwambara udusharizo tw’inzahabu+ canke impuzu nziza. 4 Ahubwo ugushaza kwanyu kubonekere ku co muri imbere mu mutima*, ku bwiza budatituka bw’umutima utekereje kandi witonda+, ari na wo ufise agaciro kanini imbere y’Imana.
-