ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 2:22-25
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 22 Nayo Eli yari ashaje cane. Yari yarumvise ibintu vyose abahungu biwe bakorera+ Abisirayeli bose be n’ingene baryamana n’abagore bakorera ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro+. 23 Yababwira ati: «Kubera iki muguma mukora ibintu nk’ivyo? Ibintu numva abantu bose babavugako ni bibi. 24 Oya bane banje, amakuru numva mu bantu ba Yehova si meza. 25 Umuntu acumuye kuri mugenziwe yoshobora kuronka uwumusabira kuri Yehova*. Ariko umuntu acumuye kuri Yehova+, ni nde yomusengera?» Mugabo ntibumviriza se wabo, kuko Yehova yari yiyemeje kubica+.

  • 1 Samweli 8:1-3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Samweli amaze gusaza, agena abahungu biwe ngo babe abacamanza ba Isirayeli. 2 Umuhungu wiwe w’imfura yitwa Yoweli, uwa kabiri akitwa Abiya+. Bacira imanza i Beri-Sheba. 3 Mugabo abo bahungu ntibakurikiye akarorero ka se. Bironderera itunga mu buryo bubi+, bakarya igiturire+, bakagoreka n’imanza+.

  • 2 Samweli 15:14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 14 Dawidi aca abwira abasuku biwe bose bari kumwe i Yeruzalemu ati: «Nimuze duhunge+, Abusalomu ntahave atumara twese! Nimunyaruke ntituze tubona adushikiriye akaduhonya, ababa mu gisagara akabicisha inkota+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika