-
1 Timoteyo 6:9, 10Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
9 Ariko abiyemeje kuba abatunzi bagwa mu bigeragezo, mu mitego+ no mu vyipfuzo vy’ubupfu kandi bibagirira nabi, bidwibiza abantu mu gatikizo no mu mahonero+. 10 Kuko gukunda amahera ari umuzi w’ibibi vy’ubwoko bwose. Hari abaciye ku biti no ku mabuye kubera gukunda amahera maze barata ukwizera, bikwegera* imibabaro myinshi+.
-