13 Haciye imisi mikeyi, uwo muhungu mutoyi aca yegeranya ivyo afise vyose, afata urugendo aja mu gihugu ca kure. Amaze gushikayo, aca asesagurira mu buhumbu ivyo afise vyose. 14 Abimaze vyose, inzara ikaze ica iratera muri ico gihugu maze atangura gukena.