-
1 Samweli 2:22-25Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
22 Nayo Eli yari ashaje cane. Yari yarumvise ibintu vyose abahungu biwe bakorera+ Abisirayeli bose be n’ingene baryamana n’abagore bakorera ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro+. 23 Yababwira ati: «Kubera iki muguma mukora ibintu nk’ivyo? Ibintu numva abantu bose babavugako ni bibi. 24 Oya bane banje, amakuru numva mu bantu ba Yehova si meza. 25 Umuntu acumuye kuri mugenziwe yoshobora kuronka uwumusabira kuri Yehova*. Ariko umuntu acumuye kuri Yehova+, ni nde yomusengera?» Mugabo ntibumviriza se wabo, kuko Yehova yari yiyemeje kubica+.
-
-
2 Ngoma 36:15, 16Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
15 Yehova Imana ya ba sekuruza yaguma ababurira biciye ku ntumwa ziwe, akababurira incuro n’izindi, kuko yumvira impuhwe abantu biwe n’urusengero rwiwe*. 16 Mugabo baguma bashinyagurira izo ntumwa z’Imana y’ukuri+, bagasuzugura ivyo ibabwiye+ bakongera bagatwenga abahanuzi bayo+, gushika aho bataba bakivayo*. Maze ishavu rya Yehova riza ku bantu biwe+.
-