-
1 Abami 4:29-31Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
29 Imana iha Salomo ubukerebutsi bwinshi cane n’ubushobozi budasanzwe bwo gutahura, imuha n’ubwenge bwinshi* nk’umusenyi uri ku nkengera y’ikiyaga+. 30 Salomo yari afise ubukerebutsi kuruta abantu bose bo mu buseruko n’Abanyamisiri bose+. 31 Yari afise ubukerebutsi kuruta uwundi muntu uwo ari we wese, kuruta na Etani+ mwene Zera hamwe na Hemani+, Kalikoli+ na Darida bene Maholi. Yaramenyekanye cane mu mahanga yose yari abakikuje+.
-
-
2 Ngoma 1:10-12Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
10 Ndagusavye rero, umpe ubukerebutsi* n’ubumenyi+ kugira ngo nshobore kuyobora neza aba bantu*. Ahandiho sinogenda nshoboye gucira imanza aba bantu bawe n’ingene ari benshi+.»
11 Maze Imana ibwira Salomo iti: «Ko ivyo ari vyo umutima wawe wipfuza, ukaba utasavye itunga canke ibihinda, ntusabe icubahiro canke agatwe* k’abakwanka canke ukuramba*, mugabo ukisabira ubukerebutsi n’ubumenyi kugira ngo ucire imanza abantu banje naguhaye ngo ubaganze+, 12 ubwo bukerebutsi n’ubumenyi nzobiguha. Nzoguha n’itunga, nguhe n’ibihinda n’icubahiro ata mwami n’umwe araronka mu babayeho imbere yawe, kandi no mu bazoza inyuma yawe nta wuzobironka+.»
-