ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 19:4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 4 Yonatani rero avugira Dawidi+ kuri se Sawuli, amubwira ati: «Mwami wanje, ntukorere ikibi* umusuku wawe Dawidi, kuko na we ata kibi yagukoreye. Ivyo yagukoreye vyarakugiriye akamaro.

  • 1 Samweli 25:23, 24
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 23 Abigayili akibona Dawidi, yururuka indogobwa ningoga maze yunamira Dawidi, mu maso hiwe hashika hasi. 24 Agwa ku birenge vyiwe maze avuga ati: «Ikosa nirije ku gatwe kanje databuja. Ndagusavye ngire ico nkubwira, untege yompi jewe umusukukazi wawe.

  • Esiteri 4:13, 14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 amwishura ati: «Ntiwiyumvire yuko mu Bayuda bose ari wewe uzorusimba ngo ni uko uri uwo mu rugo rw’umwami. 14 Niwaguma winumiye muri uyu mwanya, Abayuda bazotabarwa barokorwe biciye ahandi+, mugabo wewe n’abo mu muryango wa so muzoyogera. Aho ntiwosanga icatumye uba umwamikazi ari ukugira uhaseruke mu gihe nk’iki+?»

  • Zaburi 145:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Bazotangaza ubuninahazwa bw’ubwami bwawe+,

      kandi bavuge ibijanye n’ububasha bwawe+,

  • Imigani 9:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  8 Ntukosore umucokoranyi, ahandiho azoca akwanka+.

      Urakosora umunyabwenge*, na we azogukunda+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika