2 Bane banje nkunda, ndabandikiye ibi bintu kugira ntimucumure. Ariko hagize uwucumura, turafise umufasha ari kumwe na Data, akaba ari Yezu Kristu+, umugororotsi+. 2 Uyo ni ikimazi+ c’ibicumuro vyacu+ gituma dusubiza hamwe n’Imana, mugabo si ibicumuro vyacu gusa ahubwo ni ivy’isi yose+.