35 Ubugaragwa n’igihugu kigadutse bizokwigina+,
kandi ikiyaya c’ubugaragwa kizonezerwa, gishurike nk’amashurwe yitwa habaseleti+.
2 Kizoshurika+ vy’ukuri.
Kizonezerwa cihe akamo k’umunezero.
Kizohabwa icubahiro c’i Libani+,
n’ubwiza buhebuje bw’i Karumeli+ n’i Sharoni+.
Abantu bazobona icubahiro ca Yehova, ubwiza buhebuje bw’Imana yacu.