ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 30:1-3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 30 Ayo majambo yose niyabarangukirako, yaba imihezagiro canke imivumo ndabashize imbere+, hanyuma mukavyibuka+ muri mu mahanga yose Yehova Imana yanyu azoba yabashwiragijemwo+, 2 maze mukagaruka kuri Yehova Imana yanyu+ mwe n’abana banyu, mukumviriza ijwi ryiwe n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose+ nk’uko ndabibategetse uyu musi, 3 Yehova Imana yanyu rero azogarukana abantu banyu bari bagizwe imbohe+, abababarire+ yongere asubire abegeranye abakuye mu mahanga yose Yehova Imana yanyu yari yarabashwiragijemwo+.

  • Yesaya 66:20
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 20 Bazozana benewanyu bose nk’ingabire ihabwa Yehova, babakuye mu mahanga yose+. Bazobazana ku mafarasi, mu mikogote, mu mikogote ipfutse, ku ndogobwa* no ku ngamiya zinyaruka, babashikane ku musozi wanje mweranda Yeruzalemu», ni ko Yehova avuze. «Bazobazana nk’uko Abisirayeli bazana ingabire zabo mu combo kidahumanye, mu nzu ya Yehova.»

  • Yeremiya 24:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Nzobagumizako ijisho kugira ndabagirire neza, kandi nzobagarukana muri iki gihugu+. Nzobubaka, sinzobasambura. Nzobateragira, sinzobarandura+.

  • Ezekiyeli 36:24
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 24 Nzobakura mu mahanga, ndabakoranirize hamwe ndabakuye mu bihugu vyose, ndabazane mu gihugu canyu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika