-
2 Ngoma 28:20-22Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
20 Umwami wa Ashuri yitwa Tilugati-Piluneseri+ yahavuye aza kumutera, amuteza ivyago+ aho kumufasha ngo amukomeze. 21 Vyagenze ukwo naho Ahazi yakokoye inzu ya Yehova n’inzu* y’umwami+ n’iz’abatware, ivyariyo akabiha umwami wa Ashuri. Mugabo nta co vyamumariye. 22 Kandi muri ico gihe umwami Ahazi yari mu vyago, yarushirije guhemukira Yehova.
-