-
Ezira 9:6, 7Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
6 Ndaheza mvuga nti: «Ewe Mana yanje, numva isoni n’ibimaramare ku buryo ntokwunamura amaso ngo ndabe iyo uri. Mana yanje, dufise* amakosa menshi, n’ivyaha vyacu vyaragwiriye gushika no mw’ijuru+. 7 Kuva mu gihe ca ba sogokuruza bacu gushika n’uyu musi, ivyaha vyacu vyarabaye vyinshi+. Kandi kubera amakosa yacu, watumye twe n’abami bacu n’abaherezi bacu dutsindwa n’abami bo mu bindi bihugu, batwicisha inkota+, batugira imbohe+, baradusahura+ bongera baradutetereza, nk’uko biri uyu musi+.
-