ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 50:8-15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  8 Singuhana kubera ibimazi vyawe,

      canke kubera amashikanwa aturirwa uko yakabaye wama unshikanira+.

       9 Nta mpfizi zo mu nzu yawe nkeneye,

      canke impene* zo mu ruhongore rwawe+.

      10 Kuko ibikoko vyose vyo mw’ishamba ari rwanje+,

      mbere n’ibiba ku misozi ibihumbi.

      11 Ndazi inyoni zose zo ku misozi+.

      Ibikoko bidaharurika vyo mu gahinga vyose ni rwanje.

      12 Hamwe noba nshonje, sinobikubwira

      kuko isi* n’ibiri kuri yo vyose ari rwanje+.

      13 Mbega norya inyama z’impfizi z’inka,

      canke nkanywa amaraso y’impene+?

      14 Ahubwo nushikanire Imana ugukenguruka+,

      kandi ushitse ivyo waraganiye Musumbavyose+.

      15 Nuntabaze ku musi w’ivyago+.

      Nzogutabara maze nawe uninahaze+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika