20 Yehova Nyeningabo avuze ati: “Abantu bo mu mahanga atandukanye n’ababa mu bisagara vyinshi bazoza ata kabuza. 21 Ababa mu gisagara kimwe bazoja ku baba mu kindi, bavuge bati: ‘Tabaranya tuje gutakambira Yehova no kurondera Yehova Nyeningabo. Natwe tuzogenda+.’