Yobu 38:41 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 41 Ni nde ategurira igikona ivyo kirya+igihe ibiswi vyaco biguma bitabaza Imana,bikaguma biyerera irya n’ino kubera vyabuze ico birya? Zaburi 147:9 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 9 Ni we aronsa ibikoko ivyo kurya+,akagaburira ibiswi vy’ibikona biguma vyayagura+. Matayo 10:29 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 29 None utujuri tubiri ntitugurwa igiceri c’agaciro gatoyi*? Ariko nta na kamwe muri two gakorokera hasi So atabizi+.
41 Ni nde ategurira igikona ivyo kirya+igihe ibiswi vyaco biguma bitabaza Imana,bikaguma biyerera irya n’ino kubera vyabuze ico birya?
29 None utujuri tubiri ntitugurwa igiceri c’agaciro gatoyi*? Ariko nta na kamwe muri two gakorokera hasi So atabizi+.