29 Nimureke rero kwiganyira mwibaza ivyo muzorya canke ivyo muzonywa, kandi mureke kwamiza umutima mu kirere+, 30 kuko ivyo vyose ari vyo abantu bo mw’isi baguma biruka inyuma. So wanyu arazi ko ivyo bintu mubikenera+. 31 Ahubwo nimugume murondera Ubwami bwiwe, ivyo bindi na vyo muzovyongerwa+.