-
Luka 7:24-28Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
24 Abo bagabo Yohani yatumye bamaze kugenda, Yezu atangura kubwira amasinzi y’abantu ivyerekeye Yohani ati: «Mwagiye mu bugaragwa kuraba iki? Irenga rihungabanywa n’umuyaga+? 25 None mwagiye kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu nzizanziza*+? Erega abambara impuzu nzizanziza kandi bibera mu bihinda bari mu nzu z’abami. 26 None vy’ukuri mwagiyeyo kuraba iki? Kuraba umuhanuzi? Emwe ndabibabwiye, mbere araruta umuhanuzi kure n’iyo+. 27 Uwo ni umwe avugwa mu vyanditswe ngo: “Ehe ntumye intumwa yanje imbere yawe, kandi izotegura inzira imbere yawe+.” 28 Ndabibabwiye, mu bantu bose babayeho* nta wuruta Yohani. Ariko umuntu mutoyi mu Bwami bw’Imana aramuruta+.»
-