Imigani 15:33 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 33 Gutinya Yehova bituma umuntu aba inkerebutsi+,kandi imbere y’ubuninahazwa habanza ukwicisha bugufi+. Matayo 20:26 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 26 Si ko bikwiye kumera muri mwebwe+. Ahubwo uwushaka kuba mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu+, Matayo 23:12 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 12 Uwishira hejuru azocishwa bugufi+, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru+. Luka 9:48 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 48 maze ababwira ati: «Uwo wese yakiriye uyu mwana mutoyi kubera izina ryanje, na jewe aba anyakiriye. Kandi uwo wese anyakiriye, aba yakiriye n’uwantumye+. Kuko uwifata nk’umuntu mutoyi muri mwebwe mwese ari we mukuru+.» Luka 14:11 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 11 Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru+.» Luka 22:26 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 26 Ariko mwebwe ntimukwiye kumera nka bo+. Umukuru muri mwebwe nabe nka mutoyi wanyu+, uwuja imbere abandi na we abe nk’umusuku. Yakobo 4:10 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Mwicishe bugufi imbere ya Yehova*+, na we azobashira hejuru+. 1 Petero 5:5 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 5 Namwe bakiri bato*, nimuyobokere abatama*+. Mugabo mwese mwambare* ukwicisha bugufi* mu kuntu mufata abandi, kuko Imana irwanya abibona, mugabo ikagirira ubuntu buhebuje* abicisha bugufi+.
33 Gutinya Yehova bituma umuntu aba inkerebutsi+,kandi imbere y’ubuninahazwa habanza ukwicisha bugufi+.
26 Si ko bikwiye kumera muri mwebwe+. Ahubwo uwushaka kuba mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu+,
48 maze ababwira ati: «Uwo wese yakiriye uyu mwana mutoyi kubera izina ryanje, na jewe aba anyakiriye. Kandi uwo wese anyakiriye, aba yakiriye n’uwantumye+. Kuko uwifata nk’umuntu mutoyi muri mwebwe mwese ari we mukuru+.»
26 Ariko mwebwe ntimukwiye kumera nka bo+. Umukuru muri mwebwe nabe nka mutoyi wanyu+, uwuja imbere abandi na we abe nk’umusuku.
5 Namwe bakiri bato*, nimuyobokere abatama*+. Mugabo mwese mwambare* ukwicisha bugufi* mu kuntu mufata abandi, kuko Imana irwanya abibona, mugabo ikagirira ubuntu buhebuje* abicisha bugufi+.