-
Luka 21:21-23Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
21 Abari i Yudaya bazoce batangura guhungira mu misozi+, abari i Yeruzalemu bazoce bavayo, kandi n’abari hagati mu gihugu ntibaze binjireyo. 22 Kuko ico kizoba ari igihe co gushitsa ubutungane*, kugira ibintu vyose vyanditswe biranguke. 23 Haragowe abagore bazoba bibungenze n’abazoba bonsa muri iyo misi+! Kuko hazoba amakuba akomeye kuri iki gihugu n’uburake bwinshi kuri aba bantu.
-