-
Itanguriro 6:11-13Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
11 Mugabo isi yari yaramaze kwononekara imbere y’Imana, yari yuzuyemwo ububisha*. 12 Emwe, Imana yararavye kw’isi isanga yarononekaye+. Ababa kuri yo bose bari bafise ingeso mbi+.
13 Imana ibwira Nowa iti: «Nafashe ingingo yo kuzimanganya abantu bose, kuko isi yuzuye ububisha kubera bo. Ngira ndabahonereze hamwe n’isi+.
-