-
Mariko 14:32-36Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
32 Nuko bashika ahantu hitwa Getsemani, maze abwira intumwa ziwe ati: «Ba muricaye ng’aha umwanya ndiko ndasenga+.» 33 Aca ahitana Petero, Yakobo na Yohani+, hanyuma atangura kwumva amaganya menshi no guhagarika umutima bimwe bikomeye. 34 Maze ababwira ati: «Ndatuntuye cane+, ku buryo numva nopfa. Nimugume ng’aha, kandi mugume muri maso+.» 35 Yigira imbere maze arapfukama, atangura gusenga asaba ko iyo saha yomurengana nimba bishoboka. 36 Avuga ati: «Abba*, Data+, vyose birashoboka kuri wewe. Igiza iki gikombe kure yanje. Yamara ntihabe ivyo ngomba, ahubwo habe ivyo wewe ugomba+.»
-