-
Luka 22:67-71Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
67 «Nimba uri Kristu, bitubwire+.» Mugabo Yezu abishura ati: «Naho nobibabwira ntimwogenda muvyemeye. 68 Kandi naho nobabaza ntimwonyishura. 69 Ariko kuva ubu, Umwana w’umuntu+ azokwicara iburyo bw’Imana Nyenububasha+.» 70 Bose baca bavuga bati: «Uri Umwana w’Imana rero?» Na we abishura ati: «Mwebwe ubwanyu muravuze ko ndi we.» 71 Baca bavuga bati: «Hari ibindi vyabona dukeneye? Twavyiyumviye bivuye mu kanwa kiwe+.»
-