-
Matayo 14:1-5Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
14 Ico gihe, Herodi* buramatari w’intara ya Galilaya yumva ivyerekeye Yezu+. 2 Aca abwira abasuku biwe ati: «Uwo ni Yohani Umubatizi. Yarazuwe mu bapfuye. Ni co gituma afise ububasha bwo gukora ibitangaro+.» 3 Herodi yari yarafashe Yohani aramuboha, maze amuta mw’ibohero kubera Herodiya umugore wa mwenewabo Filipo+. 4 Yohani yaguma amubwira ati: «Ntivyemewe ko umugira umugore wawe+.» 5 Ariko naho yashaka kumwica, yaratinya abantu kuko Yohani bamufata nk’umuhanuzi+.
-
-
Luka 9:7-9Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
7 Nuko Herodi* buramatari w’intara ya Galilaya yumva ibintu vyose vyariko biraba. Aca arazazanirwa cane, kubera bamwe bavuga ko ari Yohani yazuwe mu bapfuye+, 8 abandi bakavuga ko ari Eliya yagarutse, abandi na bo ngo ni umwe mu bahanuzi ba kera yazutse+. 9 Herodi aca avuga ati: «Ko Yohani namuciye umutwe+, none uwo muntu numvako ivyo bintu ni nde?» Aguma arondera kumubona+.
-