ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Matayo 14:15-21
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Bugorovye, abigishwa biwe baza aho ari, bamubwira bati: «Ehe turi mu gahinga kandi amasaha aragiye. Rungika abo bantu baje mu bigwati kwigurira ivyo kurya+.» 16 Yezu ababwira ati: «Ntibirirwe baragenda. Mwebwe nimubahe ivyo barya.» 17 Bamwishura bati: «Aha nta kindi dufise atari imikate itanu n’ifi zibiri.» 18 Na we ababwira ati: «Binzanire.» 19 Aca ategeka iryo sinzi ry’abantu ngo bicare hasi ku bwatsi. Araheza atora ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru maze arabihezagira+. Aca amanyagura iyo mikate, ayihereza abigishwa, na bo bayiha abo bantu. 20 Bose bararya barahaga, hanyuma begeranya utumanyu twasigaye, twuzura ibiseke 12+. 21 Abariye bari nk’abagabo 5.000 udashizemwo abagore n’abana batoyi+.

  • Luka 9:12-17
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Butanguye kwira, bamwe cumi na babiri baraza, bamubwira bati: «Rungika abo bantu baje mu mihana no mu bigwati vyo mu micungararo kurondera uburaro n’ivyo kurya, kuko ng’aha turi mu gahinga+.» 13 Mugabo ababwira ati: «Mwebwe nimubahe ivyo barya+.» Bamwishura bati: «Nta kindi dufise atari imikate itanu n’udufi tubiri. Kiretse twebwe tugiye tukagurira abo bantu bose ivyo barya.» 14 Hariho nk’abagabo 5.000. Mugabo abwira abigishwa biwe ati: «Nimubicarike mu migwi y’abantu nka mirongo itanitanu.» 15 Baca bagira ukwo nyene, barabicarika bose. 16 Araheza atora ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru maze arabihezagira. Aca arabimanyagura, atangura kubihereza abigishwa, na bo babiha iryo sinzi. 17 Bose bararya barahaga, hanyuma begeranya utumanyu twasigaye, twuzura ibiseke 12+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika