28 Ashitse hakurya mu karere k’Abagadareni, ahura n’abagabo babiri barwaye amadayimoni bavuye mw’itongo ry’abapfuye+. Bari bakaze cane ku buryo ata muntu n’umwe yubahuka guca muri iyo nzira. 29 Baca barasemerera bati: «Dupfa iki nawe ga Mwana w’Imana+? Uje kutubabaza+ igihe cacu kitaragera+?»