-
Yohani 2:14-16Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
14 Yinjiye mu rusengero, asangayo abariko baragurisha inka, intama n’inuma+ hamwe n’abavunjayi bicaye mu bibanza vyabo. 15 Amaze gutsiba imigozi akayigira nk’ikimoko, aca yirukana abantu bose mu rusengero, bagenda bajanye n’intama zabo n’inka zabo. Asanzaza ibiceri vy’abavunjayi yongera atembagaza imeza zabo+. 16 Abwira abariko baragurisha inuma ati: «Kura ivyo bintu ng’aha! Nimureke guhindura inzu ya Dawe isoko*+!»
-