-
Matayo 1:1-17Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
1 Igitabu cigana kahise* ka Yezu Kristu* mwene Dawidi+, mwene Aburahamu+:
Izahaki avyara Yakobo+,
Yakobo na we avyara Yuda+ na benewabo.
3 Yuda yavyaye Peresi na Zera+ kuri Tamari,
Peresi avyara Hesironi+,
Hesironi na we avyara Ramu+.
4 Ramu yavyaye Aminadabu,
Aminadabu avyara Nahashoni+,
Nahashoni na we avyara Salumoni.
5 Salumoni yavyaye Bowazi kuri Rahabu+,
Bowazi avyara Obedi kuri Rusi+,
Obedi na we avyara Yese+.
Dawidi na we avyara Salomo+ kuri muka Uriya.
Rehobowamu avyara Abiya,
Abiya na we avyara Asa+.
Yehoshafati avyara Yehoramu+,
Yehoramu na we avyara Uziya.
Yotamu avyara Ahazi+,
Ahazi na we avyara Hezekiya+.
Manase avyara Amoni+,
Amoni na we avyara Yosiya+.
11 Yosiya+ yavyaye Yekoniya+ na benewabo igihe Abayuda bajanwa kugirwa imbohe i Babiloni+.
12 Bamaze kujanwa kugirwa imbohe i Babiloni, Yekoniya yavyaye Shalutiyeli,
Shalutiyeli na we avyara Zerubabeli+.
13 Zerubabeli yavyaye Abihudi,
Abihudi avyara Eliyakimu,
Eliyakimu na we avyara Azori.
14 Azori yavyaye Sadoki,
Sadoki avyara Akimu,
Akimu na we avyara Elihudi.
15 Elihudi yavyaye Eleyazari,
Eleyazari avyara Matani,
Matani na we avyara Yakobo.
16 Yakobo yavyaye Yozefu umugabo wa Mariya nyina wa Yezu+, uwitwa Kristu+.
17 Imvyaro* zose rero zahaciye kuva kuri Aburahamu gushika kuri Dawidi zari 14. Kuva kuri Dawidi gushika igihe Abayuda bajanwa kugirwa imbohe i Babiloni haciye imvyaro 14, hanyuma kuva Abayuda bajanywe kugirwa imbohe i Babiloni gushika kuri Kristu haca imvyaro 14.
-