ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Matayo 9:2-8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 Hanyuma bamuzanira umuntu amugaye, aryamye ku nderuzo. Yezu abonye ukwizera kwabo, abwira uwo muntu amugaye ati: «Mpore mwananje! Ibicumuro vyawe birababariwe+.» 3 Abanditsi bamwebamwe baca bibwira bati: «Uyu muntu ariko aratuka Imana*.» 4 Yezu aca aramenya ivyiyumviro vyabo, maze ababaza ati: «Kubera iki mwiyumvira ibintu bibi mu mitima yanyu+? 5 None icoroshe ni ikihe? Ni ukuvuga ngo: “Ibicumuro vyawe birababariwe”, canke ni ukuvuga ngo: “Haguruka utambuke+”? 6 Ariko kugira mumenye ko Umwana w’umuntu afise ububasha bwo kubabarira ibicumuro kw’isi . . .» Aca abwira uwo muntu amugaye ati: «Haguruka, utore inderuzo yawe witahire+.» 7 Aca arahaguruka aritahira. 8 Amasinzi y’abantu ngo abibone, aca atekerwa n’ubwoba, maze aninahaza Imana yahaye abantu ububasha nk’ubwo.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika