-
Matayo 8:24-27Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
24 Nuko mu kiyaga haduka igihuhusi gikomeye, ku buryo ubwato burengerwa n’imikuba. Ariko Yezu yari asinziriye+. 25 Baca baramuvyura, bamubwira bati: «Mukama, dutabare turapfuye!» 26 Ariko ababwira ati: «Kubera iki mutinya cane*, ga mwa bantu b’ukwizera guke+?» Aca arahaguruka, akankamira uwo muyaga n’ikiyaga. Haca haratekana cane+. 27 Abigishwa baca barumirwa, bavuga bati: «Uyu muntu ni bwoko ki? Mbere n’umuyaga n’ikiyaga biramwumvira!»
-
-
Mariko 4:37-41Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
37 Nuko haduka igihuhusi gikomeye, kandi imikuba iguma yikubita ku bwato, ku buryo buhakwa kwuzura amazi+. 38 Ariko we yari yiryamiye ku musego amaja inyuma mu bwato. Baca baramuvyura, bamubwira bati: «Mwigisha, nta co bikubwiye kubona tugira dupfe?» 39 Aca arahaguruka, akankamira uwo muyaga, abwira ikiyaga ati: «Hora! Tekereza+!» Uwo muyaga uca uraturura, haratekana cane. 40 Hanyuma ababwira ati: «Kubera iki mutinya cane*? Mbega nta kwizera na gukeyi muragira?» 41 Ariko bagira ubwoba bwinshi, maze babwirana bati: «None uyu muntu ni bwoko ki? Mbere n’umuyaga n’ikiyaga biramwumvira+!»
-