12 Yegereye irembo ry’igisagara, abona abantu batwaye umuntu yapfuye, akaba ari we mwana wenyene nyina yari afise+. Vyongeye, yari umupfakazi kandi yari kumwe n’isinzi ry’abantu benshi bavuye mu gisagara. 13 Umukama amubonye, amutera ikigongwe+, aca amubwira ati: «Reka kurira+.»