ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 22:16-18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 16 Imbwa zankikuje+,

      zansatiriye nk’akagwi k’inkozi z’ikibi+,

      zantonze ku maboko no ku maguru nk’intambwe+.

      17 Ndashobora guharura amagufa yanje yose+.

      Abansi banje barandaba, bakaguma bankanuriye amaso.

      18 Bagabura impuzu zanje,

      bagapfindira ivyambarwa vyanje+.

  • Yesaya 53:7-9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  7 Yaracinyizwa+, akemera gutezwa amarushwa+,

      ariko ntakureko umunwa.

      Yazanywe nk’intama igiye kubagwa+,

      nk’intama y’ingore yinumiye imbere y’abayimwa ubwoya,

      ntakureko umunwa+.

       8 Yaracinyijwe, bamukuraho bamuciriye urwa ngondagonde.

      Ni nde azokwitaho ido n’ido ry’amamuko yiwe*?

      Kuko yakuwe mu gihugu c’abazima+.

      Yarakubiswe* azira ibicumuro vy’abantu banje+.

       9 Naho ata kosa* yari yarakoze

      kandi mu kanwa kiwe ntihaboneke ububeshi+,

      yahawe imva* mu babisha+,

      ahambwa mu batunzi*+.

  • 1 Abakorinto 15:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Kuko mu bintu vya mbere nabahaye harimwo ivyo nanje nahawe, yuko Kristu yapfuye ku bw’ibicumuro vyacu nk’uko Ivyanditswe bivuga+,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika