Kuvayo 17:6 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 6 Nza kuba mpagaze imbere yawe hariya ku gitandara i Horebu. Uze gukubita igitandara, na co gica kivamwo amazi hanyuma abantu banywe+.» Musa aca abikora gutyo nyene imbere y’abashingantahe bo muri Isirayeli. Guharura 20:8 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 8 «Tora ya nkoni hanyuma wewe na Aroni mwenewanyu mukoranye ishengero, muheze mubwire igitandara babona kugira kizane amazi. Muzobakurira amazi mu gitandara maze muyahe ishengero n’ibitungwa vyabo kugira binywe+.» Yohani 4:14 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 14 Uwunywa ku mazi nzomuha ntazokwigera asubira kunyoterwa+. Ahubwo amazi nzomuha azocika isoko ry’amazi muri we, ridudubiza kugira ritange ubuzima budahera+.»
6 Nza kuba mpagaze imbere yawe hariya ku gitandara i Horebu. Uze gukubita igitandara, na co gica kivamwo amazi hanyuma abantu banywe+.» Musa aca abikora gutyo nyene imbere y’abashingantahe bo muri Isirayeli.
8 «Tora ya nkoni hanyuma wewe na Aroni mwenewanyu mukoranye ishengero, muheze mubwire igitandara babona kugira kizane amazi. Muzobakurira amazi mu gitandara maze muyahe ishengero n’ibitungwa vyabo kugira binywe+.»
14 Uwunywa ku mazi nzomuha ntazokwigera asubira kunyoterwa+. Ahubwo amazi nzomuha azocika isoko ry’amazi muri we, ridudubiza kugira ritange ubuzima budahera+.»