16 Kuko Imana yakunze isi cane ku buryo itanga Umwana wayo w’ikinege+, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe, ahubwo aronke ubuzima budahera+. 17 Erega Imana ntiyarungitse Umwana wayo mw’isi kugira acire urubanza isi, ahubwo yamurungitse kugira isi ikizwe biciye kuri we+.