Matayo 26:69, 70 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 69 Petero yari yicaye hanze mu rugo. Umusukukazi aca araza amusanga aho ari, amubwira ati: «Na wewe wari kumwe na Yezu Umunyagalilaya+!» 70 Mugabo arabihakanira imbere y’abari ng’aho bose, avuga ati: «Sinzi ivyo uriko uravuga.» Mariko 14:69, 70 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 69 Wa musukukazi amubonye ng’aho, yongera kubwira abari bahagaze ng’aho ati: «Uyu ari muri bo.» 70 Yongera kubihakana. Haciye akanya, abari bahagaze ng’aho bongera kubwira Petero bati: «Ni ukuri uri uwo muri bo. Nakare uri Umunyagalilaya!» Luka 22:58 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 58 Haciye akanya gatoyi, uwundi muntu aramubona, aca avuga ati: «Na wewe nyene uri muri bo.» Mugabo Petero amwishura ati: «Sindi muri bo, wa mugabo we+.»
69 Petero yari yicaye hanze mu rugo. Umusukukazi aca araza amusanga aho ari, amubwira ati: «Na wewe wari kumwe na Yezu Umunyagalilaya+!» 70 Mugabo arabihakanira imbere y’abari ng’aho bose, avuga ati: «Sinzi ivyo uriko uravuga.»
69 Wa musukukazi amubonye ng’aho, yongera kubwira abari bahagaze ng’aho ati: «Uyu ari muri bo.» 70 Yongera kubihakana. Haciye akanya, abari bahagaze ng’aho bongera kubwira Petero bati: «Ni ukuri uri uwo muri bo. Nakare uri Umunyagalilaya!»
58 Haciye akanya gatoyi, uwundi muntu aramubona, aca avuga ati: «Na wewe nyene uri muri bo.» Mugabo Petero amwishura ati: «Sindi muri bo, wa mugabo we+.»