ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Matayo 9:3, 4
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Abanditsi bamwebamwe baca bibwira bati: «Uyu muntu ariko aratuka Imana*.» 4 Yezu aca aramenya ivyiyumviro vyabo, maze ababaza ati: «Kubera iki mwiyumvira ibintu bibi mu mitima yanyu+?

  • Mariko 2:6-8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Hari bamwe mu banditsi bari bicaye ng’aho, bariko biyumvira mu mitima yabo bati+: 7 «Kubera iki uyu mugabo avuga gutyo? Ararogose. Hari uwundi ashobora kubabarira ibicumuro atari Imana+?» 8 Ubwo nyene Yezu aca aramenya ivyo bariko bariyumvira, maze ababaza ati: «Kubera iki muriko muriyumvira ivyo bintu mu mitima yanyu+?

  • Yohani 1:47, 48
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 47 Yezu abonye Natanayeli ariko araza aho ari, aca avuga ati: «Raba Umwisirayeli nyawe, atagira uburyarya+.» 48 Natanayeli aca amubaza ati: «Wamenye gute?» Yezu amwishura ati: «Nakubonye imbere y’uko Filipo aguhamagara, igihe wari munsi y’igiti c’umusukoni.»

  • Yohani 6:64
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 64 Ariko muri mwebwe harimwo abatemera.» Nkako, kuva mu ntango yari azi abatemera abo ari bo, n’uwuzomugurisha uwo ari we+.

  • Ivyahishuwe 2:23
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 23 Nzokwica abana biwe nkoresheje ikiza cica, kugira amashengero yose amenye ko ari jewe nsuzuma imitima n’ivyiyumviro vyihishije*, kandi umwe wese muri mwebwe nzomuha ibihuye n’ibikorwa vyiwe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika