ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ivyakozwe 22:6-11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Mugabo nko mu masasita ndi ku rugendo ngira nshike i Damasiko, bukwi na bukwi umuco mwinshi uvuye mw’ijuru urabiriza irya n’ino yanje+. 7 Nca ngwa hasi, numva ijwi rimbwira riti: “Sawuli, Sawuli, umpamira iki?” 8 Nishura nti: “Uri nde ga Mukama?” Na we ambwira ati: “Ndi Yezu Umunyanazareti, uriko urahama.” 9 Ico gihe abantu bari kumwe nanje barabona uwo muco, mugabo ntibumva ijwi ry’uwariko aramvugisha. 10 Maze mvuga nti: “Nkore iki ga Mukama?” Umukama ambwira ati: “Haguruka uje i Damasiko. Niwashikayo uramenyeshwa ivyo nashinze ko uzokora vyose+.” 11 Mugabo kubera ntashobora kubona ikintu na kimwe bitumwe n’ugukayangana kw’uwo muco, nashitse i Damasiko mfashwe ukuboko n’abo twari kumwe.

  • Ivyakozwe 26:13-18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 13 Maze mu masasita ndi ku nzira ga mwami, nza mbona umuco urusha izuba gukayangana uvuye mw’ijuru, urabiriza irya n’ino yanje n’abo twari dufatanije urugendo+. 14 Twese tumaze kugwa hasi, numva ijwi rimbwira mu giheburayo riti: “Sawuli, Sawuli, umpamira iki? Erega kuguma utera imigere ku mihunda* birakugirira nabi.” 15 Mugabo mvuga nti: “Uri nde ga Mukama?” Umukama na we ati: “Ndi Yezu uriko urahama. 16 Ubu rero haguruka. Ndakwiyeretse kugira ndakugire umusavyi wanje n’icabona gishingira intahe ivyo ubonye n’ivyo nzokwereka ku binyerekeye+. 17 Kandi nzogukiza abo muri iri hanga n’abo mu yandi mahanga ndagutumyeko+. 18 Ndabagutumyeko ngo ubahumure amaso+, ubakure mu mwiza+ baje mu muco+, bave mu bubasha bwa Shetani+ baje ku Mana, kugira bababarirwe ibicumuro+ baronke n’intoranwa ihabwa abejejwe n’ukunyizera.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika