9 Mugabo Sawuli yari akigira iterabwoba rikaze ku bigishwa b’Umukama+, arondera no kubica. Ni kwo kuja ku muherezi mukuru, 2 amusaba amakete ajana ku masinagogi y’i Damasiko, kugira ngo abo abonye bose bo muri ya nzira y’Umukama+ abajane i Yeruzalemu baboshe, abagabo n’abagore bose hamwe.