-
Luka 2:29-32Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
29 «Ubu rero Mukama Segaba, uraretse umushumba wawe ngo yigire amahoro+ nk’uko wabivuze, 30 kuko amaso yanje yiboneye uwo uzokoresha mu kuzana ubukiriro+, 31 ubwo wateguye kugira abantu bose babubone+, 32 umuco+ uzokuraho umwiza utwikiriye amahanga+, ukaba n’ubuninahazwa bw’abantu bawe b’Abisirayeli.»
-
-
Ivyakozwe 18:5, 6Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
5 Aho Silasi+ na Timoteyo+ bamanukiye bavuye i Masedwane, Pawulo atangura kumara umwanya wiwe wose yigisha ijambo ry’Imana, ashinga intahe imbere y’Abayuda kugira yerekane neza ko Yezu ari we Kristu+. 6 Mugabo kubera yuko baguma bamurwanya kandi bamutuka, akunkumura impuzu ziwe+, ababwira ati: «Amaraso yanyu abe ku gatwe kanyu+. Jewe ndera+. Kuva ubu ngiye ku banyamahanga+.»
-