ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 17:9, 10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Imana yongera kubwira Aburahamu iti: «Uze wubahirize isezerano ryanje, mwe n’uruvyaro rwawe, uko urunganwe rwabo ruzogenda rurakurikirana. 10 Iri ni ryo sezerano riri hagati yanje namwe, iryo wewe n’uruvyaro rwawe mubwirizwa kwubahiriza: umuhungu wese wo muri mwebwe ategerezwa kugenyerwa*+.

  • Kuvayo 12:48
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 48 Nimba hari umunyamahanga aba muri mwebwe agomba guhimbaza Pasika ya Yehova, abahungu bose bo mu rugo iwe bategerezwa kugenyerwa. Aho ni ho gusa ashobora kuyihimbaza, kandi azoca aba nk’imvukira. Ariko nta mugabo n’umwe atagenyerewe akwiye kurya ku mwagazi wa Pasika+.

  • Abalewi 12:2, 3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 «Bwira Abisirayeli uti: “Umugore niyasama inda hanyuma akavyara umuhungu, azomara imisi indwi ahumanye nka kurya bigenda ari mu misi y’ubutinyanka*+. 3 Ku musi ugira umunani, uwo mwana azogenyerwa*+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika