Matayo 17:18 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 18 Yezu aca akankamira iyo dayimoni, ica iramuvamwo. Ubwo nyene uwo muhungu aca arakira+. Mariko 1:25, 26 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 25 Mugabo Yezu aca arayikankamira ati: «Hora, kandi muvemwo!» 26 Iyo mpwemu ica iramujegeza yongera irasemerera n’ijwi ryayo ryose, ica iramuvamwo. Mariko 1:34 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 34 Nuko akiza abantu benshi barwaye indwara zitandukanye+, yongera yirukana amadayimoni menshi. Ariko ntiyareka ayo madayimoni ngo avuge, kuko yari azi ko ari Kristu*. Luka 9:1 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 9 Mu nyuma, akoranya bamwe cumi na babiri, abaha ubushobozi n’ububasha bwo kwirukana amadayimoni+ yose no gukiza indwara+. Luka 10:17 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 17 Bamwe 70 rero bagaruka banezerewe maze bamubwira bati: «Mukama, mbere n’amadayimoni aratwumvira dukoresheje izina ryawe+.»
25 Mugabo Yezu aca arayikankamira ati: «Hora, kandi muvemwo!» 26 Iyo mpwemu ica iramujegeza yongera irasemerera n’ijwi ryayo ryose, ica iramuvamwo.
34 Nuko akiza abantu benshi barwaye indwara zitandukanye+, yongera yirukana amadayimoni menshi. Ariko ntiyareka ayo madayimoni ngo avuge, kuko yari azi ko ari Kristu*.
9 Mu nyuma, akoranya bamwe cumi na babiri, abaha ubushobozi n’ububasha bwo kwirukana amadayimoni+ yose no gukiza indwara+.
17 Bamwe 70 rero bagaruka banezerewe maze bamubwira bati: «Mukama, mbere n’amadayimoni aratwumvira dukoresheje izina ryawe+.»