-
Ivyakozwe 19:9, 10Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
9 Mugabo bamwe bakomantaza umutima banka kwizera, bavuga nabi ya nzira y’Umukama+ imbere y’isinzi. Pawulo aca abavamwo+ agenda ajanye abigishwa bari ng’aho. Ku musi ku musi yaza arashikiriza ijambo* mu ngoro y’ishure rya Tirano. 10 Ivyo yamaze imyaka ibiri abigira, ku buryo ababa mu ntara ya Aziya bose bumva ijambo ry’Umukama, baba Abayuda canke Abagiriki*.
-