ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 12:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Amaherezo Samweli abwira Abisirayeli bose ati: «Narakoze* ivyo mwansavye vyose ndagena umwami wo kubaganza+.

  • 1 Samweli 12:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Ndi hano. Nimunyagirize imbere ya Yehova n’imbere y’uwo yarobanuje amavuta*+. Ni nde natwaye impfizi canke indogobwa+? Ni nde naririye utwiwe canke nakandamije? Hari uwampaye igiturire* nkacakira bigatuma nirengagiza ivyo yakoze+? Nimba hari ivyo natwaye, nimuvuge ndabibasubize+.»

  • Matayo 10:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Mukize abarwaye+, muzure abapfuye, muhumanure abanyamibembe, mwirukane amadayimoni. Mwahawe ku buntu, mutange ku buntu.

  • 1 Abakorinto 9:11, 12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Ko twateye ibintu vy’impwemu muri mwebwe, twoba turengeje urugero tubimbuyeko ibintu vy’umubiri dukeneye+? 12 Nimba abandi bantu bafise uburenganzira* bwo kubibasaba, hari akantu twebwe. Yamara ntitwakoresheje ubwo burenganzira+, ahubwo twihanganira vyose kugira ntitubere intambamyi inkuru nziza yerekeye Kristu mu buryo na bumwe+.

  • 2 Abakorinto 7:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 Muduhe ikibanza mu mitima yanyu+. Nta we twagiriye nabi, nta we twatumye yononekara, nta we twariye imitsi+.

  • Tito 1:7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Kubera ko umuhagarikizi* w’ishengero ari umusuku* w’Imana, ategerezwa kuba atagira ico aregwa, atumira ku vyiyumviro vyiwe+, adakaza ishavu+, ataborerwa, atarwana, atanohokera inyungu mbi.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika