-
Gusubira mu vyagezwe 4:25, 26Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
25 Nimwamara igihe kirekire muba muri ico gihugu, mukavyara abana mukaronka n’abuzukuru hanyuma mukikwegera guhona mu kwibazira igishusho+ ico ari co cose, mugakora ibintu bibi mu maso ya Yehova Imana yanyu kugira mumubabaze+, 26 mumenye neza ko muzotikira ningoga muri ico gihugu mugiye kwigarurira nimwajabuka uruzi Yorodani. Emwe, ijuru n’isi ni vyo vyabona vyanje uyu musi. Ntimuzomara na kabiri muri co, muzotikira muherengetere+.
-