-
Abanyefeso 1:13, 14Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
13 Mugabo na mwebwe mwaramwizigiye aho mumariye kwumva rya jambo ry’ukuri, ya nkuru nziza yerekeye ubukiriro bwanyu. Aho mumariye kwemera, mwarashizweko ikidodo+ biciye kuri we, ikidodo ca ya mpwemu nyeranda yari yarasezeranywe. 14 Iyo mpwemu ni icemeza twahawe imbere y’igihe* c’intoranwa yacu+, kugira ngo abantu begukira* Imana+ babohorwe biciye ku ncungu+, bitume Imana ininahazwa yongere ishemezwe.
-